Paul Kagame News › Forums › Autocratic Leadership › Why Joseph Rwagatare is the Biggest Idiot in Africa › Reply To: Why Joseph Rwagatare is the Biggest Idiot in Africa
NTIHAGIRE UWUSHIGIKIRA INTAMBARA | AMASE YA KERA NTAGIHOMA URUTARO !
Ndamenyesheje abarundi n’amakungu ko twokwiyamiriza ikintu cose coza gishaka kudusubiza muntambara. Dutegerezwa twese hamwe mubudasa bwacu gushigikira Nkurunziza Petero na reta yacu twitoreye bene umurango babona.
Umukuru w’Umugambwe RDB akongera akaba ajejwe kumenyesha amakuru mu runani CNARED Imbunuza Jeremie Minani dutegerezwa kumwiyamiriza twivuye inyuma, na cane cane tukareka gusamazwa n’amatangazo atagira ifatiro asohora akokeza intambara.
Ndababajwe cane n’ abarundi benshi bamaze kwicwa, abamaze kunyuruzwa, guhunga igihugu cabo kubera imigumuko yatewe n’abangushi nka Pacifique n’imirwi yabo CNARED, Red tabara na Forebu ataho ihagaze.
Reta ntiyigeze ihengeshanya kwemera ibiganiro bihuza Abarundi bose na cane cane bikabera mu Burundi kandi bikitabwa n’abanyepolitike batigeze basohorerwa imitahe ibarengutsa imbere y’ubutungane nk’uko umuhuza Benjamin Mkapa aheruka kubivuga. Yararahiye ko atazobatumira! Jeremie Minani asanga kubwiwe gusesa amaraso arico kibereye, nkaba ndamuteye ivyatsi. Ntamurundi n’umwe w’umutima atazi aho intambara yatugejeje. Niba koko ari umunyepolitike yiyemera naze ayikinire ngaha kubutaka bw’Uburundi nk’abandi.
.Jeremie Minani arerekanye neza ko intego hamwe n’imigabo n’imigambi umugambwe wiwe wari warihaye hamwe n’urunani rwiwe avugira CNARED bari barihaye vyananiwe, none bahisemwo rero gusubiza abarundi muntambara; ikintu tutarota twemera, ikidashoboka muri iyi misi turimwo, kuko twasezereye intambara kera! Ntihaze hagire umurundi n’umwe ashigikira intambara kandi, murabona kanatsinda ko amahoro ajejeta aho muherereye hose. Inzira nziza yogushika kubutegetsi ni “amatora gusa “!
Imana ibahezagire!
Criminal Paul Kagame