Paul Kagame News › Forums › Rwanda and Burundi Voices › ABACUNGUZI BA FDLR/FOCA › Reply To: ABACUNGUZI BA FDLR/FOCA
ITANGAZO
No 028/2016 rya Groupe
INTWARI ZA CNDD-FDD
ryo ku wa 20/08/2016
______________________
Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo Nyene ubutungane budahabwa ibiturire canke ngo butamikwe ivyipfuzo vy’abangushi nk’ivyatamitswe UBURAYI.
IHABWE.ICUBAHIRO.Com
Umwaka urarangiye Uburundi busimvye imanga bwari bwateguriwe n’abansi b’igihugu babifashijwemwo na ba mpemuke ndamuke.
Hari kwigenekerezo rya 20/08/2015 aho umukuru w’igihugu yitorewe n’abenegihugu maze yemezwa n’Imana,aho yarahira ubwambere inyuma y’aho abagambanyi bashakiye gutembagaza ubutegetsi maze bibata kuw’amazi,aho yarahirira abanegihugu ko agiye kubakorera ivyo bamutumye adahigimanze.
#Sans_Erreur yarahiye abandi bamwe bitwa ba #mujeri bariko bategatega imitego maze bagakwiragiza ibihuha mubenegihugu bavuga ngo naho arahiye ntazotwara amezi 3 nk’ayo NDADAYE yatwaye,ariko bakibagira ko SANS ERREUR ari #Pasteur,Madame SANS ERREUR nawe ari #REVERAN_PASTEUR.
Groupe INTWARI ZA CNDD-FDD irashimiye abenegihugu bagumye kukivi,INGABO zitanze kurugero ruhambaye,hamwe n’abakunzi babandanije kuba hafi y’igihugu cacu.
Sangwa intsinzi BURUNDI.
Mû kurangiza,
Groupe INTWARI ZA CNDD-FDD iripfurije umunsi mukuru mwiza aba #PATRIOTES Bose aho bari hose,ikanabasaba kuguma k’urugamba biyemeje kuko umwansi aticaye,maze haze hahere uyundi mwaka atakaryogora mû gihugu cacu.
– Ni hahangame ubushake bwabenegihugu
– Ni hahangame INTWARI zitanze
– Ni hahangame umugabo atari imbundege,NYENICUBAHIRO PASTEUR Pierre NKURUNZIZA.
Bigiriwe i Bujumbura,
Ku wa 20/08/2016
Inama nshingwabikorwa ya groupe
INTWARI ZA CNDD-FDD.
Criminal Paul Kagame