Paul Kagame News Forums Rwanda and Burundi Voices Burundi Hope Reply To: Burundi Hope

#27135

CNARED ISHOBORA GUFATIRA IBIHANO IMIGAMBWE IYIGIZE IZOKWITABA IBIGANIRO KU GATWE KAYO! 19/05/2016

Mu gihe ata misi 3 isigaye ngo ibiganiro bizohuza abarundi,mu gisagara ca ‪Arusha‬ mu gihugu ca ‪Tanzaniya‬,bibe,


Haracavurwa amadidane hagati yabatumiwe n’abatararonka ubutumire!

Amakuru dukura mu biro vy’umuhuza ‪#‎Benyamini_Mkapa‬,avuga ko hari abamaze kuronswa ubutumire n’abo bukiri mu nzira!

Twagerageje gucengetera,turamenya bamwe bamwe mu bamaze kuburonka!
Nabo akaba ari:

-Ku ruhande rw’abakenyezi hamaze kuronka 2,
-Kuruhande rw’abadaharanira ivyicaro vya poritike 1,
-Ku ruhande rw’abanyamakuru 1,
-Ku ruhande rw’imigambwe yo muri ‪#‎CNARED‬ 2(‪#‎Sahwanya_Frodebu‬,‪#‎Cndd‬)
‪#‎Ku‬ ruhande rw’imigambwe iri muri reta(‪#‎Amizero_y_abarundi‬),

Twagerageje kumenya igituma imigambwe imwe imwe itemanga ko yaronse ubutumire,tuza kumenya ko hariko haraba ugucungana ku jisho muri CNARED,mu ntumbero yo kuzofatira ingingo zikomeye imigambwe izokwitaba ivyo biganiro ku gatwe kayo,itagiye nka Cnared,kandi bari babipfunditse!

Ivyo bikaba vyavuzwe n’icegera ca kabiri c’umukuru wa Cnared ‪#‎Onesime_Nduwimana‬,aho yavuze ko bitumvikana ukuntu batotumira Cnared kandi yari yaratumiwe mw’iyugururwa ry’ivyo biganiro ryabereye ‪#‎Entebbe‬ mu gihugu c#Ubuganda mu mpera z’umwaka uheze,ko rero abovyitaba boba baguye mu mutego wa Nkurunziza!
Akanagirako ahakana ko atagucanamwo kuri muri Cnared!

Irindi soko ryacu rikaba ryatumenyesheje ko bishoboka Cnared ikareka abo bakuru b’imigambwe bakitaba,ahubwo bagatekererwa ivyiyumviro n’intumbero bimwe!

Amakuru yo kwizera twahawe n’umukozi mu biro vy’umuhuza,ni uko umuhuza azobanza kwakira abatumire mu mirwi imbere y’uko abahuriza hamwe!

Imana ije imbere ivyo biganiro,bivemwo umuti urama ku makuba n’amagorwa yugarije abarundi(abari mu gihugu no hanze yaco)!

Criminal Paul Kagame