Paul Kagame News Forums Rwanda and Burundi Voices Burundi Hope Reply To: Burundi Hope

#27132

UMUGAMBWE SWAHWANYA-FRODEBU WASOHOYE ITANGAZO KO UZITABA IBIGANIRO VY’I ARUSHA! 20/05/2016

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umugambwe ‪#‎Sahwanya_Frodebu‬,umenyesha ko wakiranye akanyamuneza ubutumire warungikiwe n’umuhuza ‪#‎Benyamini_Mkapa‬,bwo kwitaba ibiganiro bitegekanyijwe aho bukera kuwa 21/05/2016,i ‪#‎Arusha‬ mu gihugu ca ‪#‎Tanzaniya‬!

Uwo mugambwe ariko ugatangazwa n’ukubona umuhuza atatumiye urunani ‪#‎CNARED‬ uwo mugambwe usanzwe uhurikiyemwo!
Ukaboneraho n’akaryo ko gusaba umuhuza ko nihaba hatararengerana yokwigora agatumira urwo runani eka n’abandi boba bafise ico boterera kugira umuti urama wo gutsimbataza demokarasi,intwaro rusangi n’amahoro,uboneke mu ‪#‎Burundi‬!

Mu kwitabira ubwo butumire,umugambwe Sahwanya_Frodebu ukaba wahisemwo kurungika icegera c’umukuru w’uwo mugambwe,‪#‎umushingamateka_Ferederiko_Bamvuginyumvira‬ yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu ntwaro mfatakibanza!

Uwo mugambwe ukanasaba amashirahamwe mpuzamakungu nka: ‪#‎Onu‬,
‪#‎Ubumwe_bw_Afrika‬,
‪#‎Ubumwe_bwa_Buraya‬,
‪#‎Leta_Zunze_ubumwe_Za_Amerika‬,
Ko bakora uko bashoboye mu gufata mu mugongo umuhuza muri ako kazi katoroshe ko guhuza abantu batase,indyane zagiyemwo n’iseswa ry’amaraso y’inzirakarengane!

Uwo mugambwe urangiza wipfuriza abazokwitaba ivyo biganiro kuganira bashirahamwe,ku nyungu y’abarundi baruhijwe n’amabi atagira izina!

Criminal Paul Kagame