Paul Kagame News Forums Rwanda and Burundi Voices Burundi Hope Reply To: Burundi Hope

#27131

INYURUZWA RY’ABATAVUGARUMWE NA CNDD-FDD RIRABANDANYA! 10/06/2016

Umwe mu rwaruka rw’umugambwe ‪Sahwanya Frodebu‬ yanyurujwe,ajanwa mu kibanza kitaramenyekana!

Azwi kw’izina rya ‪Novat_Ndayishimye‬,akaba yarasanzwe aba muri ‪Zone_Kinama‬,yafashwe ku mutaga w’uwu musi wa gatanu,nk’igihe c’isaha indwi(13h)!

Ababibonye bavuga ko yafashwe n’abakozi bo mw’‪#‎igendereza‬ baherekejwe n’‪#‎imbonerakure‬ zaho mu ‪Kinama‬!
Bakimufata,baciye bamujana mu gasho ka zone,ariko mu nyuma bakaba bamwimuriye ahantu atawuramenya aho ariho!

Umuryango wiwe,umugambwe yararimwo(Frodebu) eka n’amashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu bose bakaba bahagaritswe umutima n’inyuruzwa ry’uwo munywanyi wa Frodebu,bakaba bibaza ko ashobora kugirirwa nabi!

Bagasaba uwo wese abishoboye gutangiriza no gutabaza kugira abo bagizi ba nabi ntibamuhitane!

Criminal Paul Kagame