Paul Kagame News Forums Rwanda and Burundi Voices Burundi Hope Reply To: Burundi Hope

#27105

UBURUNDI BURAKENEYE IKIBUTABARA NIMBA HATARARENGERANA!
.
UBWICANYI NDENGERABWENGE BUBANDANYA KWIBONEKEZA ABAGABO BABONA ABANA NABO BARORERA!
.
Amakuru adushikira nuko ibiziga vyatowe muruzi Mubarazi vyishwe nabi cane kuburyo yaho umuntu wese afise umutima runtu atoreka gusimba umutima! Ikiziga kimwe ntamutwe gifise mugihe ikindi kiziga cishwe cabanje kubohwa amaguru hamwe n’izosi bifatanijwe ! Haruhande yogufatanya umutwe n’izosi ,abamenja ntibagarukirije ngaho kuko baciye batekera ico kiziga mw’igunira ryuzuyemwo amabuye maze baca bata muruzi Mubarazi ariko nticashobora kwibira! Umuntu ashobora kwibaza nimba ivyo biziga bibiri bitibiye kumpamvu umuntu wese atotanga mbega abashoboye kwicwa hama bakibira bangana gute?
.
Reta ya Nkurunziza yoyo ibandanya kuvuga ko ibintu bigenda neza mugihe ubwo bwicanyi ndengerabutungane bubandanya kwibonekeza irya n’ino mugihugu cose ! Abatavuga rumwe na reta hamwe n’abarundi isinzi bamaze gushegeshwa nivyo bikorwa bagiriza vyose ko ari reta ibikora kuko idasiba kumenyesha ko vyose bigenda neza ,muntumbero yokwanka ba Gatabazi kobaza mu Burundi ! Hari abategetsi bamwe bamwe bemeza ko uburundi bufise ingabo zikwiye kuburyo yaho inteko mvamakungu zidakewe ! Umuntu agaca yibaza ukuntu izo ngabo zikwiye kandi abicwa babandanya bicwa ! Mbega vyoba biba izo nzego zumutekano zikwiye zirihe? Inyishu ushobora kuyiha mukwegeka ako kabi kabishe kwizo nzego zikwiye kandi zikaba zikwije!
.
Abarundi isinzi bamaze kuruhishwa n’ibiziga bibandanya kuyerera hirya n’ino aho bamwe bashavuzwa nokuba twerekana amafoto yivyo biziga ariko ico twobamenyesha nuko burigihe tutazokwigera dutezura mukwerekana ukuri muntumbero yokumenyesha abarundi n’amakungu ibiriko bikorwa n’inzego Nkurunziza avuga ko zikwiye kandi zikwije!

Criminal Paul Kagame