Reply To: Rwandan Army Trained in Best Military Academies

Paul Kagame News Forums Autocratic Leadership Rwandan Army Trained in Best Military Academies Reply To: Rwandan Army Trained in Best Military Academies

#26991
Paul Kagame
Keymaster

Nagomba tugaruke kubimaze iminsi bibera hano mu karere duhereyemwo. Kuva aho abansi ba demokarasi bambariye indosho riva mwese mwarabonye ama techniques yoguhuvya ubutegetsi yagiye araba : eh mama we ngo Liberat ntiyotwara EAC, eh mama ngo abasoda bakurwe mu ma mission nkuko womengo akarangamutima ku mucomando ni mission. mwese mwarabonye urugendo ruteye amakenga Netanyahu yagize muri vya bigugu birimwo abansi ba demokarasi akaba ari navyo bihaye indaro abansi ba mahoro mu Burundi. Mwarabonye ko amatechniques bakoresheje mu gutegura yanama iheruka kubera mu Rwanda kugira baturundemwo inteko mvamakungu zizoza kubafasha kubaha Igihugu kunguvu. Mwese mwarabonye ko baciye baduhekura Mama Honorable Hafsa M. Kugira berekane ko abasoda bakenewe. Rabe budakeye na kabiri ingene abafaransa batwaye amateshwa muri Conseil de sécurité des Nations Unies maze mugahaguruka kugira iryobara ryijane nka MAPROBU. Mu menye ko baticaye raba ibiherutse kubera mu mugamba, raba ivyafatiwe mu Rumonge! Mwese muherutse kubona aho urwaruka ruri i Mahama ingene baherutse kuruha i birwanisho (FOREBU) ngo bari déterminés ngo basubire batere Igihugu. Ivyo bikaba aho bonyene banyegeje umujournaliste yitwa Jean BIGIRIMANA akaba yibereye mu mashuka i Kacyiru mugabo bikunde inama y i Geneve yanke. Ubu naho Eh mama we ngo hariho Sommet des Chefs d’Etat le 19 Aout2016 aho baziga ibijanye n Igihugu. Nagomba nsabe ko mwokwibuka ko Mujeri zama zibweja igihe himirije amanama. Ukaba utabibona niwijajare. Hanyuma kubabibona nobasaba ko mwese Abenegihugu, igisirikare n’igipolisi, IMBONERAKURE ,abacamanza, ABAMESUZI, mwese mube magabo kuko muri iyi minsi zishobora kubweja kugira z’ influencé iyo nama izoba. Umutekano ni uwawe kandi ni uwanje. Hagarare magabo maze mu menye ko atabundi buhinga kuko UWUZISHORA WESE CANE CANE VYA BIBWA Jacques Bigirimana yavuga MUZE MU BIGURIRE KU KABEYI K’ ABISHOYE NYENE.

Criminal Paul Kagame