Reply To: ABACUNGUZI BA FDLR/FOCA

Paul Kagame News Forums Rwanda and Burundi Voices ABACUNGUZI BA FDLR/FOCA Reply To: ABACUNGUZI BA FDLR/FOCA

#1700
Paul Kagame
Keymaster

Umyaka ijana irarangiye abakoloni ba Babiligi basesetse mu Burundi
Mu mwaka 1916 niho Abakoloni b’Ababiligi baseseka mu Gihugu cacu bitwaje ijambo ry Umwami Leopold II . Ijambo ryuzuye akagaye n’agasuzuguro binyegeje inyuma y’Igitabo ceranda. 1929 Niho batanguza intwaro yabo yaranzwe ahanini n’amacakubiri atagira izina mu bonse rimwe. Ubugererwa n’ubugabire busasirwa indava maze abarundi baratandukanywa bisunze uko baremwe maze iyo ntwaro Mbiligi yigisha Abarundi gupima amazuru n’ibihimba bimwe vy’ umubiri kugira utandukanye Umuhutu n’Umututsi, uburebure , ubugufi maze bazana insiguro nshasha ‘’Umututsi’’(ijambo ryabayeho ubwambere 1929), Kera ababiligi batara ijambo Umututsi ntiryariho Interroger l’Histoire. Ababiligi bigishako ko abahutu badakwiye gutwara ko ari ibijuju ko bakwiye kurima maze bigisha abo bita abatutsi kunena Abahutu.
– Sivyo gusa Abarundi bahembwa ikimoko aho bakubitwa bari gusa imbere y’abana n’abakazana bahorwa ubusa. Babambura agahuzu maze ishengero canke umuryango ukinje bakabakubita izasigaje igishegu kugira ute agaciro maze agateka kazina muntu kakanigirwa mu menshi.
– Ababili burya uravye neza ntaco bafashije igihugu atari ukugisahura. Ntamwana w’Umurundi yarya irigi canke ngo afungure inkoko. Ivyo vyabikirwa umuzungu. Amai n’inkoko vyabikirwa abana b’abazungu abo abarundi bishwe na kwashi. Amatungo y’igihugu, ibijanye n’imico ndanga karanga vyose bijaniye iwabo.

Umuntu yokwibaza ico abarundi bungutse

– Ikintu cambere abarundi bungutse : Barize baramenya pe uravye kuva kuri Micombero gushika kuri Buyoya wa 3.
– Igandagurwa ry’Umuganwa atari umugani RWAGASORE Louis hamwe n’umushikirangoma wa mbere NGENDANDUMWE ni ibimenyetso bidahara ku Babiligi
– Igandagurwa ry’Umwami Charles NDIZEYE ni ikindi kimenyetso
– Ihonyabwoko ry’abahutu ryabaye 1972-1973 ni ikimenyetso cerekana ko umugera w’amacakubiri Abakoloni ba Babiligi babivye mu Barundi ko wameze.
– Ihonya bwenge ryakurikiye aho abanyeshure babatandukanya ku ndome I na U ni ikindi kimenyetso sindamusiga cerekana uruhare Ababiligi bashoboye kunyengetereza mu mitwe y uturwi tw inkorabara kugira ubwoko bw’abahutu buhonobere
– Umugambi wokumara abazanye DEMOKARASI ntahandi wazananye atari mu Bubiligi
– Shake Murabe nibi duhitiyemwo guhera kubateguye imigumuko, abategutye Coup d’Etat, abateguye ikiroberi co mugisagara, abahemba aba bicanyi babonye ko bibataye kuwa mazi bose baciye banyegezwa mu Bubiligi. Bose niyo bari. Vyerekana ko Ububiligi ari igihugu kibi cane camye gishaka guhonya no kwica abantu kugira bashike kuco bashaka.*

Ariko nkuko tubona ko amacakuvbiri yahereye mu Bubiligi hagati yaba flamands na Ba Wallons aho barabana nk’inkoko n’akagomba, Abarundi dukwiye kuhakura icirwa kuko abazungu ntibadukunda nagato. Ikimenyamenya kuva 1929 -2014 imyaka 87 bavuga ko bafasha Uburundi none mu bona badufashije iki. Reta irakwiye kubadukurako bakatuvako. Uwutagira inasenge arisenga. Twabimenyeereye. Turiho kandi Tuzokwamaho.

Criminal Paul Kagame