Paul Kagame News › Forums › Autocratic Leadership › Rwandan Army Trained in Best Military Academies › Intsinzi ya Trump iteye umutima uhagaze isi
Intsinzi ya Trump iteye umutima uhagaze isi
Ishirahamwe rya Intelligence Unit riragabisha ko mu gihe Trump yotahukana intsinzi mu matora a prezida wa Amerika, ivyo bishobora gutera ingorane ku butunzi bw’isi no kongereza ingorane muri politike n’umutekano kuri Amerika.
Ariko iryo shirahamwe ntiryiteze ko Trump , ari imbere ubu mu baharanira ikibanza co kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu wa Amerika mu mugambwe w’aba republicains, yotsinda umupfasoni Hillary Clinton, aho bavuze ko “uwushobora gutsinda ari uwuserukira umugambwe w’aba democrates”.
Intsinzi ya Trump ifatwa ko ihagaritse abantu umutima gusumba kw’isi gusumba ko Ubwongereza bwokwivana mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya canke amatati y’intambara avugwa mw’ibahari yo mu bumanuko bw’Ubushinwa.
Ukugabanuka k’ubutunzi bw’Ubushinwa canke Uburusiya kwinjira mu ntambara ya Ukraine na Syria, bituma haba imishamirano hagati y’ibihugu vya rytura (guerre froide), ni vyo bintu vyonyene bifatwa ko vyateye umutima uhagaze gusumba intsinzi ya Trump.
“Gushika ubu, Trump amaze kuvuga ibintu bike vyerekeye politike yiwe, kandi agenda ahindura aho ahagaze,” EIU ko bavuze mu cegeranyo cabo c’ibintu bigeramiye isi.
Ubwo bushakashatsi kandi burihweza ingaruka y’ibintu n’amahigwe ivyo bintu biba bifise ko bishobora gushika.
EIU rikoresha igipimo co kuva kuri rimwe gushika 25, Trump akaba afise amanota 12, akaba anganya no “kwiyongera kw’ibitero vy’iterabwoba bishobora kubangamira ubutunzi kw’isi”.
Iryo shirahamwe ryagabishije ko amajambo avuga mabi kuri Mexico n’Ubushinwa ashobora gutuma haba intambara y’ubudandaji.
Trump yasavye ko hokubakwa uruhome hagati ya Amerika na Mexico mu kuzibira abimukira kandi yaranasavye ko imiryango y’abitwaje iterabwoba yokwicwa.
Yavuze kandi ko Syria yoterwa mu ntumbero yo kurwanya umugwi wa Islamic State.
EIU ryavuze ko aho ahagaze ku matati ari mu burasirazuba bwo hagati no gusaba ko aba Islam bokwimwa uburenganzira bwo kwinjira muri Amerika, bishobora gutuma imigwi itsimbaraye ku matwara ya Islam ironka abandi banywanyi benshi cane.
Criminal Paul Kagame