Paul Kagame News Forums Autocratic Leadership Rwandan Army Trained in Best Military Academies Reply To: Rwandan Army Trained in Best Military Academies

#1558

Umukuru w’igihugu c’uRwanda ,Paul Kagame yongeye kugaruka kukibazo cu Burundi bivanye ningene bamwe mu bategetsi b’uBurundi bakunda kwagiriza igihugu c’uRwanda kwarico coba cinyegeje inyuma y’umutekano muke umaze igihe kirenga amaze 10 uhungabana mu Burundi.
Mw’ijambo umukuru w’igihugu c’uRwanda yashikirije bamwe mu banyecubahiro bari ngaho,umukuru w’igihugu c’uRwanda yaneguye cane abategetsi b’uBurundi kubera inyifato bagira yo gushaka kwegeka ikibazo c’uBurundi kugihugu c’uRwanda.
Paul Kagame yatangajwe cane n’ingene ikibazo c’uBurundi gishobora kwitirigwa ikibazo c’uRwanda ndetse bakanaguma babisemerere uko umusi uheze ,bongera babibwira buri muntu wese ko uRwanda arirwo nkwenzi yamarere y’ikibazo c’aBarundi.

Paul Kagame yabandanije amenyesha ko muvyukuri ikibazo c’abarundi kiva kuburongozi bubi bw’abasanzwe batwara uBurundi .

Criminal Paul Kagame