Paul Kagame News Forums Autocratic Leadership Rwandan Army Trained in Best Military Academies Reply To: Rwandan Army Trained in Best Military Academies

#1543

NKURUNZIZA ARI HAGATI Y’AMENYO NK’URURIMI! 17/03/2016

Inyuma yaho ‪#‎Ubumwe_bwa_Buraya‬ bufatiye ingingo yo guhagarika imfashanyo zose zari zigenewe ‪#‎Uburundi‬ muri iyi myaka 5(2015-2020),imfashanyo igera ku miriyoni amajana ane na mirongo itanu y’amadorare (450.000.000$),ibintu vyatanguye kuyangara mu begereye ‪#‎Nkurunziza‬!

Amakuru duhabwa na bamwe mu begereye akarwi gakikuje Nkurunziza,avuga ko abamwegereye bamaze kwigaburamwo imirwi 2!

‪#‎Umurwi_wa_mbere‬ ugizwe n’abanyeporitike(civils) bavuga rikijana muri ‪#‎Cndd_Fdd‬, wakuriye inkoni ku gishitsi Nkurunziza ko ategerezwa kwitaba ibiganiro ibintu bitarakomera,kuko abanyagihugu bumvise iyo ngingo bashobora kugumukana reta,ibintu bikabarengera na rirya n’ingorane zatejwe n’abiyamirije ikiringo ca 3 bataraziva imbere!

‪#‎Umurwi_wa_kabiri‬ ugizwe n’abasirikare(généraux) wamiriye kure iciyumviro c’ibiganiro n’abatavugarumwe nabo,bakamenyesha ko uwuzovyura akajagari,bazomuvugutira umuti,bataravye ko ari umugumyabanga!
Bobo bagasaba Nkurunziza gukoresha ‪#‎OBR‬ mu guhiga amafaranga hasi hejuru mu banyagihugu,gushika abonetse!
Abagenerale 2 akaba aribo barahiye bararengwa ko Nkurunziza atohirahira ngo aganire,nabo ni:
‪#‎Ntakarutimana_Étienne‬ batazira ‪#‎Steve‬(Aramutswa igendereza ry’#Uburundi),
‪#‎Ndirakobuca_Gerevazi‬ batazira ‪#‎Ndakugarika‬(umuhanuzi mwishikira kwa Nkurunziza ajejwe ivy’igiporisi),

Nkurunziza akaba yasohotse mu nama yariko arabagirisha ataco ashikirije,kuri izo mpande 2 zidahuza kuri ico kibazo!

Inkuru ziva mu buyobozi bw’‪#‎igiporisi‬ zikavuga ko hoba hamaze gutangwa itegeko ku baporisi bakorera mu mabarabara(police roulage),ngo bafate ico kintu cose covamwo amafaranga,hatibagiwe gutangisha amande y’umurengera kubafatiwe mu makosa,gushika haboneke ikija mu kigega ca reta!

Ivyo biri uko mu gihe hariko haravurwa ihagarikwa ry’imfashanyo ku mishahara y’abasirikare b’abarundi bari ‪#‎Somaliya‬!

Abaraba ibintu n’ibindi bakabona ko ivya reta ya Nkurunziza bigiye kuyangara,aho ishobora gusambuka aho bukera abakozi bayo batagihembwa!
[17/3 1:18 PM] +257 79 32 75 58: ‪#‎BurundiToday‬ 17-3-2016: IVYO NKURUNZIZA ASABWA BIROROSHE ARIKO BIMUKURA KUNGOMA !

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa burayi rifise ivyo risaba reta ya Nkurunziza, ARIKO hamwe Nkurunziza yovyemera,urugamba ruzoba rumumaniye ndetse ubwami bwiwe buzoba burangiye! UBUMWE bwa burayi bimwe bumusaba nibi:

1- Kwugurura ama radio yose yaturiwe ,ayandi akugagwa ,maze ivyo bigakorwa atakirinze gusabwa! Nayo akaba Ari RPA ijwi ryabanyagihugu, Bonesha FM, Renaissance ,hamwe nokureka yabamenyeshamakuru bizo radio gusubira kwidegemvya kandi Bose!

2- Gukingira amashirahamwe adaharanira inyungu za politike harimwo nayaharanira agateka kazina muntu ! iyo ngingo igakurikirwa nogusubira guha uburenganzira amashirahamwe yahagaritswe hamwe nivuriro Rema riri mu Ruyigi!

3- Kureka muburyo buboneka, amatohoza yigenga kumabi amaze gukorwa mu Burundi, abayakoze bagashengezwa ndetswe bagahanwa atanumwe avuyemwo! Ihohotera rya kiremwa muntu,gufata kunguvu nayandi mabi yose ARIKO akogwa mu Burundi ,habwirizwa kuba umugwi uzotohoza ababikoze nabatumye abo babisha gukora ayo mabi !

4- Kwemera kuganira nabo batavuga rumwe bose atanumwe avuyemwo ,haba abakurikiranwa nubutegetsi ,haba abashatse guhirika ubutegetsi bose kandi atawuvuyemwo( dialogue totalement inclusif) !

Bitabaye ivyo ingingo yoguhagarika imfashanyo ku Burundi ntikwiye,ibindi bihano birabandanya harimwo:

Guhagarika agashirukabute kahabwa abasirikare naba polisi bariko bagarukana amahoro muri somalie ,centre Afrika nahandi !

Guhagarika imfashanyo ahantu hose ,canke imigwi yose u Burundi burimwo mpaka ICO gihugu gifuswe aho twovuga : Ishirahamwe EAC ,ishirahamwe ryibihugu bivuga igifaransa,ishirahamwe ryibihugu bigize ibiyaga binini ,nayandi mashirahamwe yose!

Ivyo reta isabwa abatari bake babona ko reta igiye gusambuka Neza Neza kuko atawimena igihute! hamwe reta yokwemera ivyo isabwa ,izoba yemeye koyatsinzwe ,kandi ko amatora atagenze Neza ,noneho yantwaro rusangi mfatakibanza ikaza ,igategura amatora ,uburundi bugasubira kuba ubwa nyaburunga ,ubwamata nubuki nibindi vyiza vyose! hamwe reta yovyanka ,nubundi nivyabibazo kuko nyamwigendako ntarimira impeshi !
[17/3 1:30 PM] +257 79 32 75 58: *SIMBA IMANGA BURUNDI*

“Izuba rigusigiye mu burengero,uraritegerera mu buseruko !”
Abafise amazuru akibasha,turiko turunva ahatamirana “Isamuri” !

Barundi,barundikazi,ubwo mubona bigeze ku rutaro,muratamira mudasesa murabonye iyo bizananye !!!

**IBIGANIRO BIDAKUMIRA ABARUNDI BARINDIRANYE IGISHIKA,

-Twamye dusemerera duti:”Yemwe,yemwe barundi ntimuze murihuta gucira imanza aba n’abariya ngo bashigikiye uwubahekura !!!”

Inkono ihira igihe,amakungu canke ibihugu bibanyi ivyo bazi ku Burundi ni vyinshi kandi ntibategerezwa kuvyanda ku masoko y’ibimenyeshamakuru amenya,kuko ntaco boba badufashije kiretse kudukura agashambara !!!

Vyokwiswe kuduha akamenyo kandi akazinduye ku mugabo gashobora kugorobereza ku wundi !!!!

-Ingingo y’ubuwe bwa buraya,yakanguye benshi n’abariko barisinziriza,abandi biboreza ngo mu Burundi carakemutse !!
Twaravuze ko abarundi batagoye,amabombe na misire zoba zipfuye ubusa ngo zije guhindura ibintu,inzara y’iminsi 2 gusa, uwatanga amategeko yoba asigaye ayahabwa !!!

-Abenshi mu kuvuga baganyura mu gukina ku muvyimba abariko barabura batagaraguye,kari agahimbo k’indya nsabano,akaba ari nazo zababorera,bakagaruka kudungereza umwanda muto,batumbereza kuri wawundi yabagaburiye(ariyo makungu) !!!

-Ugusha coba,vyabonetse mu majambo yo gutakamba,bicisha bugufi,vyerekana ko ejo rwa runyoni rushobora kurwa mu bana !!!

#*Hari uwatwibukije igikoko bita “Ingurube”,
Ko iyo kibuze ivyo kirya,kica cisenena abana baco !!
Ariko rero iyo abana bakuze,bakaba ari na benshi,muca mwunva ikirya ikindi !!!

-Mu mwanya uri imbere,hari abashobora gusaba kuganira atawukibafitiye akanya ko kubatega amatwi !!!!

-Abarundi si kakarwi,abarundi bariko barikazanura,bahurire ku meza,maze bayage urubereye kakarwi n’ishusho nshasha y’Uburundi inyuma y’uyu mwijima wari utwugarije !!!

***ABAGABO B’UBURUNDI MURAHORA UKO,

-Izi nguvu mukoresheje mu kwirukana amasiha,twashaka tubasabe ntiziherere aha,murakoresha nk’izindi nk’izo,kuko Uburundi naho buzoba bukize ariko buzoba ari ubugwaruke,bukeneye ibibwondorora,ntihagire abazoca baryama umukondorazosi ngo ikivi turagishikanye !!!

-Ibendera ry’igihugu ryarandujwe,agasabune,amazi n’utuguvu two kurinyukura kugira risubire gusayangana mu yandi,twese hamwe biraturaba !!!

#*TUBIPFURIJE IMISUHUKO BARUNDI,N’IBIGANIRO VYIZA KU NYUNGU Y’ABENEBURUNDI,

NIHATSINDWE,HATSINDAGIRWE UMWANSI YARAPFUKAMYE UBURUNDI MUNDA !!!!!!

Criminal Paul Kagame